Uko wahagera

Siriya: Igisirikare Ntikicubahirije Agahengwe


Abana bariko bakina hafi y'ibisigarira vy'inyubakwa zasentutse mu gice ca Bab al-Hadid kiri mu minwe y'abarwanya ubutegetsi mu gisagara ca Aleppo
Abana bariko bakina hafi y'ibisigarira vy'inyubakwa zasentutse mu gice ca Bab al-Hadid kiri mu minwe y'abarwanya ubutegetsi mu gisagara ca Aleppo

Ubuyobozi bukuru bw’igisirikare ca Reta y’igihugu ca Siriya, bwatangaje kw’amasezerano y’uguhagarika ingwano, yaganiwe hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Uburusiya, atacubahirijwe.

Ubwo buyobozi bwagiriza imirwi igwanya ubutegetsi, muri Siriya, kuba yageramiye ayo masezerano.

Igisirikare ca Siriya, kitangaza kw’imirwi y’iterabwoba, yitwaje ibirwanisho, yagumye irenga mu masezerano y’uguhagarika ingwano, yari yagiye mu ngiro mu ndwi iheze. Cagiriza iyo mirwi kuba yakoresheje ako karyo kugira yongereze inguvu zayo za gisirike, mu gihe yagize ibitero mu bice biri mu minwe ya reta.

Reta ya Siriya, itangaza kw’imirwi irwanya ubutegetsi yatakaje akaryo k’uguhagarika ubwicanyi. Yamara ntiyamenyesheje nimba agahengwe kazosubira kwubahirizwa.

Abaharanira demokrasi n’imirwi irwanya ubutegetsi bagiriza, ku ruhande rwabo, reta ko yarenze, ku masezerano y’uguhagarika ingwano.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatangaje ko reta ya Siriya, yabujije kw’imfashanyo zitangwa, ikintu gikomeye cane, mu masezerano y’uguhagarika ingwano.

Umutegetsi ajejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ugutanga imfashanyo yihutirwa, amenyesha ko ababajwe n’ukubona amakamyo arimwo imfashanyo adashobora gushika, mu gisagara ca Aleppo. Abantu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo irindwi na bitanu, batuye muri ico gisagara bakeneye imfashanyo, amazi n’imiti.

XS
SM
MD
LG