Uko wahagera

New York: Uwikekwa mu Gitero ca Bombe Yatawe mu Mvuto


Abategetsi mu gisagara ca New York, bahagaritse, Ahmad Khan Rahami, umunyamerika w’imyaka mirongo ibiri n’umunani, akomoka mu gihugu ca Afuganistani. Yatawe mu mvuto kuwa mbere, ku bijanye na bombe yaturitse mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu, mu gice ca Manhattan.

Itangazo ry’ibiro vya Reta ya Amerika bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, rimenyesha ko, Ahmad Khan Rahamani, yaaronderwa kugira asambishwe. Ibiro FBI, bitangaza kw’ikibanza ca nyuma kizwi c’aho yaba ari mu gisagara ca Elizabeth, muri Reta ya New Jersey.

Umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio, yari yabwiye televiziyo, CNN, ko bakeneye guhagarika, Ahmad Khan Rahami, agatabwa mu mvuto bidatevye.

Mu gitondo c’uno musi ku wa mbere, bulamatari wa Reta ya New York, Andrew Cuomo yasubiye kumenyesha ko bombe yaturikijwe, ku musi wa gatandatu, ari igikorwa c’iterabwoba. Yatangaje kw’ico gitero gishobora kuba gifitaniye isano n’imirwi y’iterabwoba yo mu mahanga.

Umusi w’imbere yaho, bulamatari Cuomo, yari yatangaje kw’ata sano rihari hagati y’igitero co ku musi wa gatandatu, n’iterabwoba mu makungu.

Ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, n’igipolisi mu gisagara ca New York, biriko birondera abikekwa, n’isano hagati ya bombe yaturikijwe ku musi wa gatandatu, n’iyindi bombe yatowe hafi yaho.

Bombe, yaturitse ku musi wa gatandatu mu gice ca Chelsea, mu gisagara ca New York, yakomerekeje abantu mirongo ibiri n’icenda. Ubu, bose bavuye mu bitaro aho bari bajanywe kuvurwa ibikomere bagize muri ico gitero.

XS
SM
MD
LG