Uko wahagera

Abantu Barenga 20 Barakomerekejwe na Bombe Yatezwe i New York


Abagira amatohoza ba FBI bari hafi y'ahaturikiye Bombe i Manhattan mu gisagara ca New York.
Abagira amatohoza ba FBI bari hafi y'ahaturikiye Bombe i Manhattan mu gisagara ca New York.

Abantu 29 bakomerekejwe na bombe yaturitse mu gace k’ahitwa Manhattan mu gisagara ca New York muri Leta zunze ubumwe z'Amerika mw’ijoro ryo k’umusi wa gatandatu.

Umukuru w’igisagara ca New York, Bill de Blasio yasavye abantu bakwiye kwihangana mugihe bakiri mu matohoza. Yavuze kandi bataramenya uwateze iyo bombe n’icatumye abikora.

Buramatari wa reta ya New York, Andrew Cuomo we yavuze ko ar’igikorwa c’iterabwoba ariko ko atoshoka yemeza ko ar’iterabwoba mpuzamakungu.

Abo bantu 29 bakomereste bose baramaze kuvanwa mu bitaro aho bari baciye batwarwa gusuzumwa.

Ako gace ka Manhattan gasanzwe gahurumbirwa n’abantu benshi cane cane mur’ibi bihe vy’ici, kandi ni naho har'icicaro c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yabwiye ijwi ry’Amerika ko ibikenewe vyose biriho kugira umutekano ucungerwe ahari icicaro ca ONU.

Ico gitero c’I New York cabaye hari haheze amasaha make haturitse iyindi bombe mu gisagara ca New Jersey beach, kiri muri reta ya New Jersey, ku birometero 135 uvuye mu gisagara ca New York.

Nta n’umwe cakomerekeje kandi yaba Buramatari wa reta ya New York hamwe n’umukuru w’igisagara bompi bavuga ko ivyo bitero ata sano bifitaniye

XS
SM
MD
LG