Uko wahagera

Burundi: Babiri mu Gusibanganya Ifoto ya Perezida Ntibarahabwa Ikigongwe


이탈리아 로마에서 노숙자가 플라스틱 가방과 신문지 더미 위에서 잠을 자고 있다.
이탈리아 로마에서 노숙자가 플라스틱 가방과 신문지 더미 위에서 잠을 자고 있다.

Mu gihe abanyeshure bose bagirizwa gusibanganya ifoto ya perezida Nkurunziza mu bitabo bari bafunzwe bahawe ikigongwe c'agateganyo, hari babiri batararekurwa mu bijanye n'iyo dosiye. Abo banyeshure ni abo kw'ishure ryisumbuye rya komine Muramvya. Abashingwamanza babunganira n'urunani rw'amashirahamwe yitaho ineza y'abana FENADEB basaba ubutungane kurekura abo bana ivy'agateganyo kugira ntibasubire gutakaza uwundi mwaka.

Abo banyehsure ni Alexis Mugerowimana na Parfait Irankunda. Uwo wa mbere yarasanzwe ariwe arongoye abandi banyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya. Bahagaritswe bongera batabwa muri yompi mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze.

Bagifatwa bagiye gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Muramvya ahari hafungiwe abandi banyeshure barenga cumi bagirizwa gusibanganya ifoto y’umukuru w’igihugu mu bitabo vy’ishure.

Urunani rwitaho ineza y’abana mu Burundi FENADEB rwemeza ko rwabwiwe n’ubutungane ko aba bana badafungiwe dosiye y’ugufutanganya amafoto ya Perezida Nkurunziza.

Umucamanza wa mbere yafashe ingingo y’ukugumiza mu munyororo abo banyeshure babiri. Bari kumwe n’abashingwamanza babunganira barunguruje urubanza muri sentare isubiramwo imanza yo ku mugwa mukuru Bujumbura. Ariko gushika n’ubu ntibarengutswa.

NI inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy i Bujumbura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00

XS
SM
MD
LG