Uko wahagera

Ubusweda Bwashigikiye Umutahe w'Uguhagarika Assange


Sentare yungururizwamwo imanza yo mu gihugu c’Ubusweda yemeje umutahe w’uguhagarika, Julian Assange, ku vyagirizo vy’ukuba yafashe umupfasoni ku nguvu. Uwo yashinze ishirahamwe ritangaza amakuru y’amabanga, Wikileaks.

Ingingo y’iyo sentare irekurira isambishwa rya Assange i Londres mu Bwongereza mu kwezi kuza. Assange yagumye ahakana ivyagirizo ko yafashe ku nguvu umupfasoni, mu mwaka w’i 2010. Akaba yagerageje incuro zitari nke gutuma ivyo vyagirizo vyihozwa.

Sentare yungururizwamwo imanza yo mu gihugu c’Ubusweda yatangaje, uno musi ku wa gatanu, ko ishigikiye ivyashikirijwe na sentare yumvirije ubwa mbere ivyo vyagirizo, ko Assange, acikekwa ko yakoze ico caha kubera hari ibimenyetso bihagije.

Assange aba muri Ambasade y’igihugu ca Equateur i Londres kuva mu mwaka w’i 2012, inyuma yuko ahawe ubuhungiro muri ico gihugu, muri uwo mwaka nyene.

Atangaza ko atinya kuja mu gihugu c’Ubusweda, kubera yibaza ko Reta yaho yomurungika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kucirwa urubanza ku vyagirizo vy’ugusuma urusaku, ku ruhara yagize ry’ugushira ahabona inzandiko z’amabanga.

XS
SM
MD
LG