Uko wahagera

Kabezi: 6 mu Bitaro Kubera Imvura y'Igihuhusi


Ibyangiritse muri Kabezi
Ibyangiritse muri Kabezi

Abantu 6 barakomeretse cane, ibisakazo vy’inzu zirenga 70 biragururwa n’umuyaga w’igihuhusi ku mugoroba wo kur’uyu wa kane muri komine Kabezi iri mu bumanuko bw’intara ya Bujumbura. Imiryango yahuye n’ivyago ntigira ayo icira n’ayo imira.

Umukuru w’umutumba Kabezi waraye uhuye n’ivyago aremeza ko ingo zirenga 70 zo kur’uwo mutumba zitagira aho zikika umusaya kuva ku mugoroba w’uyu wa kane. Ndayizeye Albert avuga ko abo arongoye bakeneye imfashanyo yihuta, kandi ko urutonde rw’ivyononekaye zirangiye baca barushikiriza abo ku rwego rwa komine.

Iruhande y’ayo mazu y’abanyagihugu bo mu Kabezi, ico gihuhusi carahitanye ibisakazo vy’inyubakwa y’urwaruka, ibiro vy’umuyobozi n’ikirasi kimwe kw’ishure nshingiro rya Kabezi ya mbere.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kw’igenekerezo rya 9 kuno kwezi turimwo, umuyobozi mukuru w’ikigo gikurikiranira hafi ivy’imiyaga n’imvura nta vy’igihuhusi yari yashikirije ko kizibonekeza ku mutasuro. Aloys Rurantije yavuze ko imvura izotasura mu mpera z’ukwezi kw’icenda canke mu ntango z’ukwezi kwa cumi kuza kandi ko izoba iri musi y’iyaguye mu mwaka uheze.

Ivyaraye bibaye muri komine Kabezi y’intara ya Bujumbura, vyarabaye mu ndwi iheze muri komine Mugina y’intara ya Cibitoke.

Ku mitumba itandukanye ya zone Rubona, imvura ivanze n’igihuhusi yahitanye ibisakazo vy’amazu y’abanyagihugu arenga 50, n’ivy’amashure nshingiro ane nk’uko vyemejwe na musitanteri wa komine Murwi Jovith Bayavuge.

XS
SM
MD
LG