Uko wahagera

Ukwumvikana Muri Kongo Bishobora Gushikana ku Matora


I
I

Reta Republika iharanira Demokarasi ya Kongo n’imigambwe batavugarumwe barumvikanye ku buryo bipfuza ko amatora yo mu mwaka uza yotunganwa.

Ariko kazoza ka Kongo ntikaratomoka neza bivanye nuko ata masango ayo matora azoberako bavuganyeko kandi n’imigambwe ikomeye muyitavugarumwe n’ubutegetsi itari mur’ivyo biganiro.

Intumwa ziserukira reta n’iziserukira abatavugarumwe nayo batangaje ivyo k’umuhingamo wo k’umusi wa gatatu.

Bamenyesheje ko bumvikanye ko amatora yose azobera umusi umwe mugihe uburyo bw’amafaranga bwoboneka kandi mugihe ata ntambamyi zijanye n’ubuhinga zobibuza.

Imigambwe ikomeye muyitavugarumwe n’ubutegetsi ihurikiye m’urunani "le Rassemblement" yariyonkoye mur’ivyo biganiro, aho bagiriza Perezida Kabila ko ariko arondera uburyo bwo guhindura ibwirizwa shingiro kugira yitoze ikiringo kigira gatatu.

Urwo runani rurongowe na Etienne Tshisekedi rumenyesha ko ruzotunganya imyiyerekano k’umusi wa mbere yo kwiyamiriza umurwi ujejwe gutunganya amatora wagirizwa ko wananiwe no gutunganya urutonde rw’amatora.

XS
SM
MD
LG