Uko wahagera

Burundi: Cibitoke Yakiye Urumuri rw'Amahoro


Intara ya Cibitoke niyo ntara ya mbere iriko irangurirwamwo ibikorwa vyinshi vy’iterambere. Ivyo vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi kur’uno wa kane igihe hasozererwa urugendo rw’amahoro rwari rumaze imisi 10 rubera mu ntara zose z’igihugu. Buramatari w’intara ya Cibitoke yashimye kubona urugendo rw’urumuri rw’amahoro rusozererwa mu ntara arongoye ikimenyamenya ko amahoro ari yose.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye abanyagihugu bo muri iyo ntara igituma urugendo rw’urumuri rw’amahoro ruhasozererwa. Yaboneyeho n’akaryo ko gushikiriza ko abagize imisi icumi batembereza urumuri rw’amahoro mu gihugu hagati bashikiriza ko basanze intara ya Cibitoke ko iza mu kibanza ca mbere mu kwijukira ibikorwa vy’iterambere.

Intara ya kabiri n’intara ya Muyinga nayo nyene iri ku murindi w’ibikorwa vy’iterambere nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Ikurikirwa n’igisagara ca Bujumbura.

Ivy’ijana 42 nivyo vyatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi kugira ibikorwa vyo kubaka ikibuga ca kijambere cuguruwe kur’uno wa kane, ku murwa mukuru wa komine Buganda birangire nk’uko vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Cibitoke. Ico kibuga ca kijambere c’Umupira w’amaguru cuguruwe icese na Perezida Nkurunziza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:20 0:00

XS
SM
MD
LG