Uko wahagera

Perezida Barack Obama Yakiriye Aung San Suu Kyi Uyoboye Myanmar


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje ko igihugu ke kiteguriye gukuraho ibihano mu vy’ubutunzi cyafatiye Myanmar. Ivyo ni mu gihe, Aung San San Suu Kyi, abonwa ko ariwe ayoboye Myanmar, yabonanye na Prezida Obama i Washington, ku musi ku wa gatatu. Perezida Obama yatangaje kw’igihugu ca Myanmar cagize intambwe zikomeye mu vyerekeye politike n’imibano. Yatangaje ko kubera izo mvo yiteguriye gukuraho ibihano Amerika yafatiye ico gihugu mu kiringo kitari gito.

XS
SM
MD
LG