Uko wahagera

Umunonotsi Ashinja Etiyopiya Kutubahiriza Agateka ka Muntu


Umunyetiyopiya Feyisa Lilesa ariko atanga ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington
Umunyetiyopiya Feyisa Lilesa ariko atanga ikiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington

Umunonotsi w’umunyetiyopiya, Feyisa Lelisa, aheruka gutsindira umudari w'umwakaka mu nkino za Olempike I Rio de Janeiro yari muri Leta zunze ubumwe z’Amerika mur'iyi ndwi gusaba abakenguzamateka b’Amerika gushigikira abanyetiyopiya bama mu myigaragamvyo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kabiri mu nama nkenguzamateka y’Amerika yasavye reta y’Amerika kuremera reta ya Etiyopiya kugira yubahirize demokarasi mu gihugu.

Lelisa ava mubwoka bw’aba Oromo, akoze ivyo mu ntumbero yo kwifatanya na bagenzi we bamaze imisi biyamiriza reta ya Etiyopiya ko yabatwaye amatongo kandi ko badaserukiwe muri reta.

Mwomenya ko Feyisa Lelisa ubu ari muri Amerika amenyesha ko ataramenya ivya kazoza kiwe ariko yatangaje ko adafise umugambi wo gusaba ubuhungiro muri Amerika.

XS
SM
MD
LG