Uko wahagera

Perezida Obama Yabonanye na Aung San Suu Kyi


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje ko kiteguriye gukuraho ibihano mu vy’ubutunzi cyafatiye Myanmar. Ivyo ni mu gihe, Aung San San Suu Kyi, abonwa ko ariwe ayoboye Myanmar, yabonanye na Prezida Obama i Washington, ku musi ku wa gatatu.

Inyuma y’inama, abo bategetsi babiri barahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, mu biro vya prezida Obama, Maison Blanche.

Prezida Obama, yatangaje kw’igihugu ca Myanmar, cagize intambwe zikomeye mu vyerekeye politike n’imibano. Yatangaje ko kubera izo mvo yiteguriye gukuraho ibihano Amerika yafatiye ico gihugu mu kiringo kitari gito.

Imbere yaho, prezida Obama, yarungikiye ikete inama nshingamateka ayimenyeshako Reta yiwe yiteguriye gusubira kworohereza Myanmar, mu vy’ubudandaji, nkuko vyari imbere yuko bihagarikwa, haraheze imyaka irenga mirongo ibiri. Iyo ngingo yari yafashwe kubera ityozwa ry’agateka ka munhtu muri ico gihugu

Nirwo rugendo rwa mbere, Aung San Suu Kyi, yagize muri Amerika,mu mabanga yiwe y’umuhanuzi mukuru n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Myanmar. Yashinzwe ayo mabanga inyuma yuko umugambwe wiwe utsinze n’amajwi menshi, amatora vyabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Ibwirizwa shingiro ryo mu gihe c’intwaro z’igisirikare riramuziririza kwitwa prezida, kubera umugabo wiwe yitabye Imana, n’abana biwe bafise ubwenegihugu bwo mu mahanga..

XS
SM
MD
LG