Uko wahagera

USA: Hillary Clinton Azobandanya Kwiyamamaza Kuwa Kane


Hillary Clinton, ategekanya gusubira kubandanya kwiyamamaza, ejo ku musi wa kane, inyuma yuko agize ibibazo vy’amagara. Yagize ivyo bibazo inyuma yuko avuye giturumbuka, ku musi w’Imana, mu birori vy’ukwibuka imyaka cumi n’itanu irangiye habaye igitero c’iterabwoba, mu gisagara ca New York, kw’italiki icenda z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001.

Amasananu yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekanye Madamu Clinton, abandabagirana imbere y’imodoka yari irindiye kumutwara. Ayo masanamu yerekana abajejwe kumurinda, n’abafasha biwe, bariko bamufasha kwinjira muri iyo modoka.

Mw’itangazo, abajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza batangaza ko Hillary Clinton, azoba ari mu gisagara ca Greensboro, muri Reta ya Carolina yo mu buraruko, ejo ku musi wa kane, aho azoshikiriza imigambi afitiye abanyamerika izotuma igihugu cabo gikomera kurushiriza.

Mu gihe abandanya kuruhuka, Perezida, Barack Obama ,yarahamubereye mu kuja kumufasha, mu gikorwa c’ukwiyamamaza, mu gisagara ca Philadephia, ku musi wa kabiri.

Perezida Obama, yabwiye abamushigikiye ko umugambi wiwe ari ugutuma Hillary Clinton, atorwa kuyobora Amerika.

Obama, yarifatiye mu gahanga umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, mu kuvuga ko adakwiriye na gato guserukira igihugu mu mahanga n’ukuboyobora igihugu.

Yaranabaguye Trump, kuba yahayagije prezida w’Ubzurusiya, Vladimir Putin, mu kuvuga ko ari umutegetsi akomeye, mu gihe atera ibihugu bito bito, apfunga abatavuga rumwe na reta, anumya itangazamakuru, kandi yatumye ubutunzi bw’igihugu buja mu kiringo kirere c’ibibazo bikomeye.

XS
SM
MD
LG