Uko wahagera

Isirayeli: Shimon Peres Arwaye Ingwara yo m'Ubwonko


Shimon Peres yahoze ar’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli
Shimon Peres yahoze ar’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli

Shimon Peres yahoze ar’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli ari muri Koma kuva kuwa kabiri inyuma yaho basanze arwaye mu bwonko.

Shimon Peres w’imyaka 93 y’amavuko yatwawe mu bitaro kuwa kabiri aho arindiriye gusuzumwa mu bwonko. M'ukwezi kwa mbere yari yatwawe mu bitaro ku ndwara y’umutima.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yavuze ko igihugu cose gikunda Peres kandi amwipfuriza gutora mitende.

Peres yarongoye Isirayeli mu mabanga atandukanye harimwo kuba umushikiranganji wa mbere, umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu.

M’umwaka w’1994 niho yaronswa agashimwe kitiriwe Nobel, agashimwe yaronkeye hamwe na Yasser Arafat hamwe na Yitzhak Rabin kuko bose bafashije mu biganiro vy’amahoro n’abanyepalestina I Oslo muri Norvege.

XS
SM
MD
LG