Uko wahagera

Somaliya: Inama Mpuzamakungu Inyuma y'Imyaka 40


Abakuru b'ibihugu bigize umuryango IGAD mu nama muri Somaliya
Abakuru b'ibihugu bigize umuryango IGAD mu nama muri Somaliya

Abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’Afirika y’ubuseruko kuwa kabiri barahuriye I Mogadishu k’umurwa mukuru wa Somaliya.

Iyo nama y’umusi umwe yahuje y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vyo mur’ako karere ujejwe iterambere IGAD yabaye inama ya mbere mpuzamakungu ibereye mur’ico gihugu hari haheze imyaka irenga 40.

Iyo nama yabaye mugihe umutekano war’ucungerewe bikomeye cane i Mogadishu batinya ko umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab ushobora guhungabanya umutekano.

Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud yarashimishijwe n’iyo nama mu kuvuga ko ar’ikimenyetso c’uko Somaliya iriko irava mu kajagari imazemwo imyaka itari mike.

Abakuru b’ibihugu bari bayitavye harimwo Uhuru Kenyatta wa Kenya, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopiya Haliemariam Desalegn, Perezida Yoweri Museveni w’Ubuganda hamwe n’abandi bategetsi bakomeye bo muri Sudani na Sudani yo m’Ubumanuko.

Mw’itangazo ryasozereye iyo nama, abo bakuru b’ibihugu bamenyesheje ko bizeye ko Somaliya izotunganya amatora aha umwidegemvyo bose kandi atawo akumira.

Mwomenya ko Somaliya caheruka kwakira inama mpuzamakungu m’umwaka w’1974, inama yari yahuje abakuru b’ibihugu bigize umurayngo w'ubumwe bw’Afirika

XS
SM
MD
LG