Uko wahagera

Batatu Bahamijwe Ibyaha by'Iterabwoba mu Bufransa


Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko cakubise intahe mu gahanga abakenyezi batatu, bari bafashwe mu ndwi iheze, bagirizwa kuba bariko barategura igitero imbere ya Cathedrale Notre-Dame, y'i Paris.

Abo bakenyezi, bari hagati y’imyaka 19 na 39, bafashwe inyuma y’aho har’imodoka yari yafashwe irimwo amacupa y’ivyuka.

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Bernard Cazeneuve,amenyesha kw’abo bakenyezi bar’abanywanyi b’imigwi y’iterabwoba kandi ko bariko barategura gukora ibitero.

XS
SM
MD
LG