Uko wahagera

Imvura Yahitanye Abarenga 100 muri Koreya ya Ruguru


Mu gihugu ca Koreya ya ruguru abantu 133 nibo bishwe n’imyuzurira y’imvura yaguye ejo kuwa mbere abandi 395 barabura irengero ryabo.

Igisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo OCHA catangaje ejo kuwa mbere ko abantu barenga ibihumbi 100 bataye ingo zabo mu ntara z’uburaruko iyo mvura yasinzikaje.

OCHA bandanya imenyesha ko ibice 69 vy’amazu yabomotse, hadasizwe inyuma amashure hamwe n’inyubakwa zihuriramwo abantu benshi. Ibice vyasinzikajwe n’iyo mvura gushik’ubu ntibigendwa.

XS
SM
MD
LG