Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta Bavuye mu Biganiro muri RDC


Vital Kamerhe, arongoye umugabwe UNC utavugarumwe ra reya aganira n'abamenyeshamakuru k'umusi w'iyugururwa ry'ibiganiro
Vital Kamerhe, arongoye umugabwe UNC utavugarumwe ra reya aganira n'abamenyeshamakuru k'umusi w'iyugururwa ry'ibiganiro

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo ejo kuwa mbere yaridohoye mu biganiro vyo kuvugana ibijanye n’itunganwa ry’amatora.

Bamenyesha ko aho bagahaze k’urutonde rw’ingene amatora y’umukuru w’igihugu n’ayo ku mitumba vyo tunganwa atar’ivyo kuganirako.

Umuvugizi w’urunani rw’imigambwe soma mbike n’ubutegetsi yavuze ko uko kwivumbura mu biganiro ar’umukenyuro wama wakoreshejwe mu biganiro ariko ko yizeye ko ibiganiro bizobandanya.

Ivyo biganiro vyatanguye italiki imwe z’ukwezi kw’icenda kandi bubaye ubwa mbere abaserukira abatavugarumwe na reta, bagize kimwe ca gatatu c’abashika 285 bari mur’ivyo biganiro bavuyemwo kubwinshi.

Umuvugizi w’uwo murwi utavuga rumwe na reta mur’ivyo biganiro, Vital Kamehre, yabwiye abamenyeshamakuru ko bo bipfuza ko amatora y’umukuru w’igihugu ariyo yoza ubwa mbere.

Umuhuza mur’ivyo biganiro yagenwe n’umuryango w’ubumwe bw’Afirika Edem Kodjo, yatangaje ejo nyene kuwa mbere inyuma y’aho ako kagwi kidohoye mu biganiro ko yatanguye kuganira n’abegwa n’ivyo biganiro kugira ibikorwa bibandanye.

Abarorerezi mur’ivyo biganiro bamenyesha ko bizeye ko bibandanya kur’uyu wa kabiri.

XS
SM
MD
LG