Uko wahagera

Amerika Yibutse Imyaka 15 Itewe n'Abakora Iterabwoba


Abanyagihugu ku cibutso aho bibuka imyaka 15 iheze Amerika itewe n'abakora iterabwoba.
Abanyagihugu ku cibutso aho bibuka imyaka 15 iheze Amerika itewe n'abakora iterabwoba.

Igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika k’umusi w’imana italiki 11 z’uku kwezi kw’icenda niho cibuka imyaka 15 irangiye gitewe n’ibitero vy’iterabwoba.

Umuhango wo kwibuka uyo musi wabereye mu bice bitandukanye vyabereyemwo ivyo bitero muri Amerika.

Perezida Barack Obama ari ku kirimba ciwe, ca White House yarafashe umwanya muto w’agacerere aho yibutse abahasize ubuzima imbere yuko aja ku biro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi vya Pentagoni aho yashikirirje ijambo ry’uyo musi.

Abandi banyamerika babukiye ababo mu gisagara ca New York ku nyubakwa ya World Trade Center, ahari hagiye n'abanyepolitike bariko bahiganirwa umwanya w’umukuru w’igihugu Hillary Clinton na Donald Trump.

Nayo imihari y’iterabwoba ya al-Qaida na reta ya kiyisilamu ibicishije kuri bwa buryo bwo kurungika ubutumwa bwa internet yaratamvye k’umuvyimba Amerika, isezerana igiye kugaba ibindi bitero k’ubutaka bw’Amerika.

XS
SM
MD
LG