Uko wahagera

Burundi: Ubukene bw'Amamatela Muri Lycee Kiganda


Ushitse ku kibuga c’umupira w’amaboko urabiye kure wakirwa n’amamatera yandagaye hasi kw’isima
Ushitse ku kibuga c’umupira w’amaboko urabiye kure wakirwa n’amamatera yandagaye hasi kw’isima

Amashure amwe amwe afise uburaro mu Burundi arafise ingorane z’amamatera y’ukuryamako mu gihe hasigaye imisi mike ngo umwaka w’ishure w’2016 ushira 2017 utangure.

Akarorero n’ak'ishure ryisumbuye ryo muri komine Kiganda intara ya Muramvya hagati mu gihugu c’Uburundi. Mu gihe ryiteze kwakira abanyeshure barenga 600, imatera zikomeye ntizirenga 120.

Ushitse ku kibuga c’umupira w’amaboko urabiye kure wakirwa n’amamatera yandagaye hasi kw’isima.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika avuga ko wegereye ayo mamatera ni nk’icitiranwa cayo. Amwe ariko ibiremo ayandi imishono y’inyuzi abanyeshure bagerageje gushirako kugira bafatanye utumanyumanyu.

Umuyobozi ajejwe uburaro kuriryo shure yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubu hariko haba igikorwa co gupompa izo matera imiti yo kwica ibihere. I ruhande y’izo zandagaye hari izindi ziri mu kumba.

Nazo nyene yasanze ziriko zirampompwa. Mu mwaka uheze, Ijwi ry’Amerika ryari ryagendeye iryo shure. Bamwe mu banyehure bari bashikirije ko bibagora kuryama n’ukuntu biyungunganya kugira baronke aho bakika umusaya.

Ishure ryisumbuye rifise uburaro rya Kiganda riri muyubatswe imbere y’uko Uburundi buronka intahe y’ukwikukira.

Ryubatswe mu mwaka w’i 1954. Kuva hatanguye umugambi w’inyigisho w’ishure nshingiro fondamantale riri mu mashure yakira abanyeshure benshi rwose. Isomero rimwe usanga ririmwo abana bashika ku 90.

Ivyo rero bituma bigora kubakurikirana nk’uko bivugwa n’abarirongoye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:49 0:00

XS
SM
MD
LG