Uko wahagera

Bangladesh: Umuriro Wahitanye Abashika 22


Ihinguriro ririko riratokombera
Ihinguriro ririko riratokombera

Muri Bangladesh abantu bashika 22 nibo bamaze kumenyekana ko bahitanwe n’umuriro wadutse mw’ihinguriro ry’ubumwanya bwo gutekeramwo ibiribwa ryo mur’ico gihugu abandi batari bake barakomereka.

Abategetsi ba Bangladesh bamenyesha ko uwo muriro wadutse k’umusi wa gatandatu mur’iryo hinguriro ry’amagorofa ane riri hafi gato y’umurwa mukuru Dhaka.

Abantu 100 nibo bari mur’iyo nyubakwa igihe uwo muriro waduka kandi hari haheze umwanya muto akazi gatanguye. Amatohozwa kucatumye uwo mucanwa waduka yatanguye.

XS
SM
MD
LG