Uko wahagera

Trump Afise Amazinda ku Vyagirizwa Uburusiya


Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump
Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, mu kiganiro yahaye Televiziyo ya Reta y’Uburusiya, yerekanye amazinda ku bivurwa ko Uburusiya buriko bugerageza guhindura uburyo Abanyamerika bakwiye gutora, mu kwiba amabanga bakoresheje ubuhinga bwa none.

Muri ico kiganiro kuri televiziyo, RT America, cabeye umusi umwe inyuma yuko, Trump, ahayagiza prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, mu kuvuga ko ari umutegetsi akomeye kurusha perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama.

Ivyo vyaranebaguwe na prezida Obama n’Abarepublika.

Umunyepolitike ahiganwa na, Trump, Umudemokrate, Hillary Clinton, yaranebaguye, Donald Trump, ku migenderanire hagati y’abafasha be, n’abannyemari bo mu gihugu c’Uburusiya.

Trump, yagize ico kiganiro n’umumenyeshamakuru amaze igihe muri uwo mwuga, Larry King, yatanguye ico kiganiro avuga ko we na Trump, ari abagenzi bazinanyi haheze imyaka mnyinshi.

Larry King, mu nyuma yaho yabajije Trump ku makuru avuga ko Uburusiya aribwo buherutse kwiba amabanga ya Komite y’umugambwe w’Abademokrate ku rwego rw’igihugu. Trump, yantangeje ko atanyuzwe kuri ivyo vyagirizo. Trump avuga bishobora kuba atarivyo. Avuga ko bishoboka kw’Abademokrate bari baragira irementanya.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yarahakanye ko hari uruhara yagize muri ico gikorwa c’ukwiba amabanga.

XS
SM
MD
LG