Uko wahagera

Koreya ya ruguru Yagerageje Ikirwanisho Ruhonyanganda.


Kim Jong-Un umuyobozi wa Koreya ya Ruguru
Kim Jong-Un umuyobozi wa Koreya ya Ruguru

Igihugu ca Koreya ya ruguru cagerageje, ubugira gatanu, ikirwanisho ruhonyanganda hafi y’ikibanza ca Punggye. Nico kirwanisho ruhonyanganda gikomeye cane ico gihugu kigerageje gushika ubu.

Reta ya Koreya ya ruguru yatangaje kw’igeragezwa ry’ico kirwanisho ruhonyanganda ryagenze neza.

Abategetsi b’ico gihugu bamenyesha kw’igeragezwa ry’ico kirwanisho ari inyishu ku bihano Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’abansi ba Koreya ya ruguru badashaka ko iba igihugu gifise ibirwanisho ruhonyanganda.

Abategetsi ba Koreya ya ruguru ntibamenyesheje amakungu imbere y’igihe, ku migambi yabo y’ukugerageza ikirwanisho ruhonyanganda.

Koreya ya ruguru yararashe misile balistike zitatu zageze hafi ku ibilometero igihumbi, imbere yuko zirwa mw’ibahari hafi y’igihugu c’Ubuyapani.

Iraswa ry’ayo mamisile ryariyamirijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubushinwa, n’abandi bategetsi bari bakoraniye mu gisagara ca Hangzhou, mu gihugu c’Ubushinwa, mu nama y’ibihugu biteye imbere, n’ibiriko biratera imbere, bigize umurwi G-20.

Italiki icenda z’ukwezi kw’icenda zihimbaza imyaka 68 irangiye Koreya ya ruguru ishinzwe. Muri kahise Koreya ya ruguru yabhmbaje iyo taliki mu kigerageza amamisile nibirwanisho ruhonyanganda

XS
SM
MD
LG