Uko wahagera

Inama y'Abakuru b'Ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko i Dar-es-Salaam


Inama y'abakuru b'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko yariko ibera i Dar-es-Salaam muri Tanzaniya yarangiye, ku musi wa kane. Inyuma y'amasaha atanu, bari mu mwiherero, abakuru b'ibihugu vy'umuraryango wo muri Afrika yo mu buseruko bavuze ko bategerezwa gukora ibishoboka vyose, kugira mu Burundi hagaruke amahoro vuba, kuko umutekano muke uhari wamaze gutandukira akarere.

Babwiye umuhuza, Benjamin Mkapa, gusubira gutumako ibiganiro vuba vyitabwa n'aberwa n'amatati bose. Bavuganye n'ibindi nk'ubucuruzi, bakira Sudani yo mu bumanuko, barahiza na icegerqa c'umunyamabanga mukuruw'umuryango w'ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, Christophe Bazivamo, ava mu Rwanda.

Ibindi turabishikirizwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika, Claver Niyonkuru:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:20 0:00

XS
SM
MD
LG