Uko wahagera

USA Izobandanya Gufatana mu Mugongo na'Akarere ka Asiya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje ko yabwiye ku buryo butomoye abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ko muri Asiya yo mu bumanuko bushira ubuseruko, bakoraniye mu gihugu ca Laos, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya gufatana mu nda n’abanyagihugu bo muri ako karere.

Perezida Obama, yagize ugushimikira kuri ako karere umugambi wiwe nyamukuru, mu kiringo ciwe ca perezida, kizorangira mu kwezi kwa mbere kw’umwaka utaha.

Perezida Obama, yatangaje ko umwizero wiwe ari uko uwuzomusubirira yobandanya iyi migambi yiwe.

Perezida Obama, amenyesha kw’ubudandaji bukomeye kw’isi, buzobera muri ako karere. Avuga kw’ako karere kazotuma ubuzi buboneka muri Amerika, bifatiye mu gushorera ibidandazwa mu masoko yo muri ako karere.

Ku vyerekeye umugambi w’ibirwanisho ruhonyanganda w’igihugu ca Koreya ya ruguru, perezida Obama, yatangaje kw’imigambi yiwe atari uguha impera abigenza nabi.

Yatangaje kw’azobandanya kuremera Reta ya Koreya ya ruguru, mu gihe azoshiraho ingingo z’ukwivuna umwansi, kugira abone ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’ibihugu bicuditse bikingiwe.

XS
SM
MD
LG