Uko wahagera

Gabon: Bongo Yaradadaje ku Kamo k'Ugusubira Guharura Amajwi


Perezida w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo
Perezida w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo

Perezida w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo, yagirijwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na Reta ko yivye amatora, yaradadaje ku kamo katewe, uno musi ku wa gatatu, kuko amajwi yosubira guharurwa, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu gihugu.

Abakwirikiranye amatora b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi batangaje ko ari ibigaragara, ko hari ibintu bidatomoye mu vyavuye mu matora vyerekanye ko Ali Bongo yatsinze uwo bahiganwa, Jean Ping, n’amajwi makeyi cane.

Abajejwe gukwirikirana amatora b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, mu gihugu ca Gabon, baravyura ibibazo ku vyavuye mu matora, mu ntara ya Haut Ogooue, igice kirwiriyemwo abashigikiye Ali Bongo, aho yatsinze n’ibice mirongo icenda na bitanu kw’ijana vy’amajwi.

Abitavye amatora muri iyo ntara n’ibice mirongo icenda n’icenda kw’ijana.

Abatavuga rumwe na reta batangaza kw’amajwi y’abatoye muri iyo ntara yongerejwe bikomeye cane.

Mw’itangazo ku musi wa kabiri, abajejwe gukwirikirana amatora b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, bavuga kw’igitigiri c’abitavye amatora cari hasi cane, mu zindi ntara umunani zigize igihugu ca Gabon, aho muri rusangi cari ibice mirongo ine n’umunani kw’ijana.

Perezida, Ali Bongo, yavuze ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro itegerezwa gutegeka kw’amajwi asubira guharurwa, ko ata bubasha afise bw’ugufata iyo ngingo.

XS
SM
MD
LG