Uko wahagera

Obama Yahumurije Ibihugu vyo muri Asiya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yahumurije ibihugu vya Asiya biri mu karere ka Pasifike, kw’imigenderanire idasanzwe hagati ya Amerika n’ibihugu vyo muri ako karere izobandanya, mu kiringo kirekire kiri imbere.

Mw’ijambo yashikirije ku murwa mukuru wa Laos, Vientiane, ku wa kabiri, perezida Obama, yatangaje kw'Abanyamerika benshi babona kw’ibihugu vyo muri Asiya, mu karere ka Pasifike, bizokomera kurushiriza kuri Amerika n’amakungu mu kinjana kiri imbere.

Perezida Obama, yashikirije ijambo abantu bagera ku gihumbi mu kibanza ndangamico ku rwego rw’igihugu. Ivyo umusi umwe inyuma yuko abaye umuperezida wa mbere wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, agendeye igihugu ca Laos, ari mu mabanga yiwe.

Obama, yashikirije ijambo abantu barimwo abategetsi ba Reta, abayoboye abikorera ku giti cabo bo muri Laos na Amerika, abanyeshule, abayoboye amashirahamwe aserukira inyungu z’abanyagihugu, n’abaserukira amashirahamwe y’abapfasoni.

Perezida Obama, yatangaje ko kugirana imigenderanire ikomeye n’ibihugu vyo muri Asiya vyo mu karere ka Pasifike, ari kintu gikomeye cane kw’iterambere n’umutekano wa Amerika vyo muri kazoza.

XS
SM
MD
LG