Uko wahagera

USA: Amatora mu ma Reta Amwe Amwe Azotangura muri Uku Kwezi


Amatora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika asigaje amezi abiri, yamara Abanyamerika mu ma Reta amwe amwe bashobora gutangura gutora muri uku kwezi.

Ibirenga bibiri vya gatatu vy’ama Reta 50 agize Amerika ararekurira gutora imbere y’italiki y’ukuri y’amatora y’ukwezi kw’icumi na rimwe. Menshi muri ayo ma Reta arekurira gutora imbere y’igihe, atangura ico gikorwa indwi zibiri canke zitatu imbere y’amatora.

Ibintu bitari bike bisobora kuba mu mezi abiri ya nyuma imbere y’igikorwa c’ukwiyamamaza. Abatora bazoronka akaryo k’ukurorera impari zizoba incuro zitatu hagati y’abakandida bahiganwa, n’impari zizoba incuro imwe hagati y’abahiganirwa kuba icegera c’umukuru bw’igihugu.

Abakandida bahiganirwa amabanga y’ukuba perezida, Umudemokrate Hillary Clinton n’Umurepublika, Donald Trump, bompi bateguye amakoraniro kuri uno musi wa mbere, wahariwe abakozi muri Amerika.

Abo bakandida bompi barabonana n’abakozi mu gisagara ca Cleveland, igisagara co muri Reta ikomeye cane mu vyerekeye amatora ya Ohio.

Ibiherutse gutohozwa vyerekana ko Hillary Cliton, ari imbere ya Donald Trump, hafi y’amanota ane ku rwego rw’igihugu. Ivyatohojwe bibandanya kwerekana abarenga ica kabiri c’abiyandikishije gutora badashimishwa n’abakandida bompi, Hillary Clinton na Donald Trump.

XS
SM
MD
LG