Uko wahagera

Bangladesh: Mir Quasem Ali Yaramanitswe


Mu gihugu ca Bangladesh, Mir Quasem Ali, umurongozi mukuru mw’idini rya Isilamu yamanitswe aricwa, mu gasho kari hafi ya Dacca, ku mugwa mukuru wa Bangladesh k'umusii wa gatandatu.

Ali, yar’afise imyaka 63, akaba yahowe ivyaha vyo mu ntambara yakoze mu mwaka w’1971, intambara yari yatumye Pakistan yiyonkora kuri Bangladesh.

Mu vyaha Ali yaregwa harimwo kuba yarapfunze umuhungu w’umuyabaga, amuhohoterera ubuzima, yongera amwicira mu gasho yarapfungiwemwo, igihe har’intureka mu gihugu ca Bangladesh, intureka zivugwa ko zahitanye abantu bashika ku miliyoni zitatu.

Igihugu ca Bangladesh kimaze iminsi kibangamiwe n’ubwicanyi. Ubuheruka bukaba bwakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho, bateye uburiro buri mu gisagara gisanzwe kibamwo ahanini abaserukira ibihugu vyabo aho muri Bangladesh.

Ico igitero cahitanye abantu bagera kuri 20, abenshi mur’abo bakaba bar’abanyamahanga.

XS
SM
MD
LG