Uko wahagera

Igihuhusi Hermine muri Reta ya Florida


Igihuhusi Hermine
Igihuhusi Hermine

Igihuhusi Hermine, cabiye biracika uno musi ku wa gatanu mu gitondo ku nkengera z’ibahari muri Reta ya Florida, mu bumanukmo bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yamara kuva ico gihe ico gihuhusi cagabanutse inguvu, mu gihe cariko gitera kija muri Reta ya Georgiya, ihana urubibe na Florida.

Ico gihuhusi ca mbere kibaye muri Reta ya Florida, mu kiringo kirenga imyaka cumi, catumye amatara acika, kandi haba imyuzure y’amazi.

Vyitezwe kw’urugero rw’imyuzure rugera kw’isentimetero mirongo itanu, mu bice bimwe bimwe vyo muri Florida.

Bulamatari wa Reta ya Florida, Rick Scott, avuga kw' ico gihuhusi co ku rugero rwa mbere, gishobora kugeramira ubuzima bw’ababa mur' iyo Reta.

Igihuhusi Hermine, carimwo imiyaga inyaruka gushika hafi y’ibilometero 130 kw’isaha, imbere yuko gishika muri Reta ya Florida.

Bulamatari, Rick Scott, yatangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe, mu bice 51 vya Reta ya Florida, mu gihe perezida, Barack Obama, yasavye ibiro vya Reta ya Amerika bijejwe gutabra mu ibihe vyihutirwa, kuguma bimucira ku mayange, ku vyerekeye igihuhusi Hermine.

XS
SM
MD
LG