Uko wahagera

Prezida wa Uzbekistani Yitavye Imana


Perezida Islam Karimov
Perezida Islam Karimov

Reta y’igihugu ca Afuganistani n’inama nshingamateka vyemeye urupfu rwa perezida, Islam Karimov, mw’itangazo vyatangiye hamwe, ku musi wa gatanau.

Karimov, yari afise imyaka 78, azoshingurwa, ku musi wa gatandatu, mu gisagara ciwe c’amavuko ca Samarkand.

Umukobwa wiwe, Lola Karimova-Tillayeva, yaravuze ku rupfu rwa se wiw,e ku mbuga ngurukanabumenyi za Facebook na Instagram. Yatangaje ko yabasezeye.

Mu gitondo co ku musi wa gatanu, imbere yuko Reta ya Uzbekistani itangaza ku mugaragaro ivyerekeye urupfu rwa Islam Karimov, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya, Binali Yildirim, yari yifatanije na Reta ya Uzbekistani n’abanya Uzbekistani, mu nama yagize na Reta yiwe, yerekanywe kuri televiziyo.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, rimenyesha ko umutegetsi akomeye aserukira igihugu ca Kirigistani, n’umutegetsi wa Reta ya Afuganistani, batangaza ko kw’abakuru b’ibihugu vyabo batumiwe, mu biori vy’ugushingura Karimov, ejo ku musi wa gatandatu.

Islam Karimov, yari umutegetsi yatwaje agahotoro igihugu ca Uzbekistani, mu kiringo kirenga imyaka mirongo ibiri n’itanu. Yarakandamije abatavuga rumwe nawe, kandi ntiyategekanije uwomusubirira.

XS
SM
MD
LG