Uko wahagera

USA: Trump Yashikirije Imigambi Ikomeye ku Bimukira


Donald Trump, umukandida w’Umurepublika
Donald Trump, umukandida w’Umurepublika

Donald Trump, umukandida w’Umurepublika, yahagaritse imigambi yiwe yasa n’iyiri hagati na hagati yerekeye abimukira, mu gutangaza ko azokwirukana imiliyoni n’imiliyoni y’abimukira baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu buryo budaciye mu mategeko.

Yasubiye kwiyemeza, ku vyerekeye kwubaka uruhome ku rubibe rwo mu bumanuko bw’igihugu, Mexique ikariha amafranga azoba yakoreshejwe mu kwubaka urwo ruhome.

Donald Trump, amenyesha ko atazogirira ikigongwe abo bimukira.

Trump, yashikirije imigambi yiwe ikomeye yerekeye abimukira ategekanya gushira mu bikorwa, niyo yatsinda amatora yo mu kwezi kw'icumi na rimwe. Ivyo yabivuze mw’ijambo yashikirije, ku musi wa gatatu, muri Reta ya Arizona iri ku rubibe n’igihugu ca Mexique.

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bemera ko hari abimukira batagira impapuro zibaha uburenganzira bw’ukuba muri Amerika biciye mu mategeko, imiliyoni cumi n’umwe muri Amerika.

Imigambi ya, Donald Trump, ishobora kuzotuma abarenga imiliyoni zitandatu muribo birukanwa mu gihugu.

Trump, avuga ko abo bimukira batazohabwa uburenganzira bw’ukuba muri Amerika, biciye mu mategeko, canke ngo baronswe ubwenegihugu, kubera binjiye mu gihugu mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

XS
SM
MD
LG