Uko wahagera

Kenya: Amakungu Ariyamiriza Ubwicanyi n'Inyuruzwa ry'Abantu


Mu gihugu ca Kenya, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi baguma basaba reta ya Kenya kuva mu gacerere ikagira ico ikoze ku bwicanyi ndengerabutungane hamwe n’inyuruzwa ry’abantu bibandanya vyiyongera.

Ni mugihe mur’iyi ndwi, hatowe ikiziga c’umuforoma mu buruhukiro bw’ibitaro biri hagati muri Kenya, inyuma y’imisi cumi uwo muntu batari bazi irengero ryiwe.

Inzego zijejwe umutekano muri Kenya zirahakana ko atarizo zica abo bantu ariko zikavyegeka ku bapolisi bataye umurongo.

Icegeranyo giheruka gusohorwa na Human Rights Watch cerekana ko abantu 34 aribo babuzwe irengero ryabo mu myaka ibiri iheze, bari mu minwe y’inzego z’umutekano.

Abategetsi bajejwe umutekano bamenyesha ko abantu bose babuze hamwe n’abo bishwe bagiye gutohozwa kandi ko n’ingingo zizoca zifatwa.

Mwomenya ko abapolisi icenda aribo bari imbere y’ubutungane k’uruhara boba baragize mu bwicanyi bw’abasivile mu mezi abiri aheze.

XS
SM
MD
LG