Uko wahagera

Gabon: Imyiyerekano Yiyamiriza Ivyavuye mu Matora


Mu gihugu ca Gabon, harabaye ugutana mu mitwe k’umurwa mukuru Libreville inyuma y’aho kuwa gatatu batangarije ko Perezida Ali Bongo yatsinze amatora yo gusubira gutwara Gabon.

Yamara abamunebagura bariyamiriza ivyavuye mu matora, mu kuvugako amatora yaranzwe n’ubusuma.

Abari mu myiyerekano bavuga ko baturiye inyubakwa y’inama nshingamateka, aho bariko bavuga ko Ali Bongo akwiye kuva k’ubutegetsi.

Ikinyamakuru The Guardian co mu bwongereza gitangaza ko abantu batatu bishwe barashwe n’abajejwe umutekano. Ariko reta ya Gabon nta makuru y’abapfuye iremeza.

Ivyavuye mu matora, vyitezwe ko bitangazwa icese, vyerekana Bongo, n’intsinzi ya mirongo ine n’icenda n’ibice umunani kw’ijana vy’amajwi, mu gihe Jean Ping, yaronse mirongo ine n’umunani n’ibice bibiri kw’ijana.

Igihugu ca Gabon, ntigitegekanya incuro ya kabiri y’amatora. N’ukuvuga ko umukandida afise amajwi kurusha abandi bahiganwa ariwe aba yatsinze amatora.

XS
SM
MD
LG