Uko wahagera

Burundi: Nyabenda Avuga Ko Adahakana Jenoside


Pascal Nyabenda, umukuru w'inama nshingamateka y’Uburundi
Pascal Nyabenda, umukuru w'inama nshingamateka y’Uburundi

Umukuru w'inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda arabeshuza ko atigeze ahakana ko ata honyabwoko ryabaye mu gihugu c’u Rwanda.

Mw’itangazo ibiro vy'inama nshingamateka vyasohoye kuri uyu wa gatatu biemenyesha ko itangazo umushingamateka Nyabenda yateyeko umukono kw'igenekrezo rya 16 ukwezi k’umunani uyu mwaka ryatahuwe ukutariko

Iryo tanganzo rimenyesha ko itangazo ryateweko umukono na Pasacal Nyabenda ryakiriwe ukutariko ryongera rihabwa insiguro zitarizo n’abantu bamwe bamwe.

Ibiri muriyo tangazo vyasomwe na Alexis Badian Ndayihimbaze, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Ndayihimbaze yemeje ko umukuru w’urwego avugira ataho yigeze ahakana ko ihonyabwoko ritabaye mu gihugu c’u Rwanda mu mwaka w’i 1994 .

Umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ajejwe kwamira ihonyabwoko, Adama Dieng, yaratangaje kw’afise impungenge ku majambo yavuze kw’ aturira y’abategetsi mu Burundi, ashobora gutuma haba ubwicanyi.

Dieng yavuze ko mw’itangazo ryasohowe kw’italiki cumi na zitandatu y’ukwezi kw’umunani, umwaka w’ 2016, ryashizwe ku kibanza ngurukanabumenyi c’umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda ico gihe yari arongoye uwo mugambwe, akongera akaba umukuru w’inama nshingamateka, yavuze kw’ihonyabwoko mu Rwanda ryari irementanya ry’amakungu ryakoreshejwe kugira rikure Reta y’Abahutu yari ihari mu Rwanda ico gihe.

Dieng, yavuze kandi kw’ ivyatangajwe na Nyabenda bishobora kubonwa nk’uguhakana ihonyabwoko, kandi ko bishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko, haba mu Burundi canke hanze y’imbibe z’igihugu.

Umukuru w’inama nshinagamateka yibutsa ko ibikorwa vy’ihonyabwoko uko bisa naho biturutse hose avyamirira kure. Pascal Nyabenda anahamagarira abantu ko bomenyera gutandukanya ibintu umuntu ashikirije ku giti ciwe n’ivyavuga nk’uwuserukira urwego kanaka.

XS
SM
MD
LG