Uko wahagera

Siriya: Abu Muhammad al-Adnani Yarishwe


Abu Mohamed al Adnani
Abu Mohamed al Adnani

Abu Muhammad al-Adnani, umwe mu bategetsi akongera akaba yar'umuvugizi w’umuhari wa reta ya Kiyisilamu yarishwe kuwa kabiri mu gisagara ca Aleppo muri Siriya.

Umwe mu bategetsi ba gisirikare ba Amerika amenyesha ko yishwe n’ibitero vy’indege ariko aracungera ibikorwa vya gisirikare vy’uyo muhari.

Amakuru ava muri Siriya amenyesha ko ariwe yar’ajejwe kurondera abarwanyi no gutegura ibitero I Bulayi.

Leta zunze ubumwe z’Amerika zari zemeye gutanga imiliyoni zitanu z’amadolari m’umwaka uheze kuwotanga amakuru yotuma Adnani afatwa.

XS
SM
MD
LG