Uko wahagera

Uganda: Filippo Grandi wa HCR Yagendeye Impunzi m'Ubuganda


Umukuru w’igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR, Filippo Grandi abonana na ministre w'Ubuganda ajejwe ivy'impunzi, Hilary Onek.
Umukuru w’igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR, Filippo Grandi abonana na ministre w'Ubuganda ajejwe ivy'impunzi, Hilary Onek.

Umukuru w’igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR, Filippo Grandi, yagendeye Ubuganda aho ari kwirabira ingene ivy’impunzi z’Abanyasudani yo m’ubumanuko ziri mur’ico gihugu vyifashe.

Kuv’aho habereye intureka m’ukwezi kw’indwi, impunzi zababa ibihumbi 90 z’abanyasudani y’ubumanuko nizo zahungiye muri Uganda aho bari mw’ikambi ya Nyumanzi isa n’iyarengewe.

Izo mpunzi zishikiriza ko zidahindurirwa ibifungurwa kandi ko n’ivyo bahabwa ar’intica ntikize. Reta y’Ubudanga iriko iratunganya iyindi kambi nini ishobora kwakira abashika ibihumbi ijana.

Uwo mutegetsi wa HCR, asaba amakungu kwitaho ikibazo c’izo mpunzi nkuko yitayeho ikibazo c’impunzi n’abimukira k’umugabane wa Bulaya.

Igihugu c’Ubuganda gihaye indaro impunzi ziharurwa ku bihumbi 570 benshi bava muri Kongo, Uburundi na Sudani yo m’ubumanuko.

XS
SM
MD
LG