Uko wahagera

Turikiya n'Abakurde Bafise Uruhara Rukomeye Mu Kurwanya ISIS


Ikimodoka ca Blinde c'igihugu ca Turikiya hafi y'urubibena Siriya
Ikimodoka ca Blinde c'igihugu ca Turikiya hafi y'urubibena Siriya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza kw’igihugu ca Turkiya, n’inteko z’Abakurde zicuditse na Amerika muri Siriya, biherutse gutana mu mitwe mu misi irangiye, bifise uruhara rukomeye cane mu rugamba rw’ukurwanya inteko za Reta ya Kiyislamu mu karere.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizera kuri izo mpande zose, mu gikorwa c’ukurwanya Reta ya Kiyislamu.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter yasavye Turikiya kubandanya Ishimikira ku rugamba rw’ukurwanya Reta ya Kiyislamu, ah’ugutana mu mitwe n’inteko z’Abakurde zicuditse na Amerika, nazo nyene ziriko zirwanya Reta ya Kiyislamu muri Siriya.

Igisirikare ca Turikiya, n’inteko zirwanya ubutegetsi muri Siriya zicuditse na Turikiya, zimaze indwi mu rugamba rugenewe gutuza Reta ya Kiyislamu, n’abanywanyi b’Abakurde bakorana na Amerika, mu gice ca Jarablus, kiri ku rubibe hagati ya Turkiya na Siriya, n’ibice biri mu micungararo yaco.

Inteko z’Abakurde ziherutse gutuza abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, mu gisagara ca Manbij, muri Siriya, hafi y’ibilometero 40 mu bumanuko bw’igisagara ca Jarablus.

XS
SM
MD
LG