Uko wahagera

Abanyamerika Muri Turukiya Baragabishwa


Leta zunze ubumwe z’Amerika irabandanya kugabisha abanyamerika ko hari ivyemezo vy’ibikorwa vy’iterabwoba biriko birategurwa muri Turukiya.

M’urwandika rwasohowe kuwa mbere, deparotema ya reta y’Amerika yasavye abanyamerika kwirinda kugira ingendo mu bice vyo m’ubumanuko bishira ubuseruko bwa Turukiya, na cane cane ahegereye k’urubibe rwa Siriya.

Bamenyesha ko imiryango y’abakozi bayo bari mur’ico gihugu bipfuza gutaha bazorungikirwa indege za gusa.

Abategetsi bo muri deparotema ya reta bamenyesha kandi ko abanyamahanga hamwe n’abakerarugendo b’abanyamerika bamye baronderwa kugirwako ibitero vy’iterabwoba n’imigwi y’iterabwoba iri muri Turukiya n’iyikorera mu mahanga.

XS
SM
MD
LG