Uko wahagera

Turukiya: Erdogan Asaba Gusubizaho Igihano co Gupfa


Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya
Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan ashikiriza ko ashigikiye ko igihano co gupfa kigarukanwa mu gihugu ciwe avuga kandi ko ar’icipfuzo c’abanyeturukiya benshi.

Yabishikirije mu gisagara ca Gaziantep, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu aho yari kumwe n’abanyagihugu baharurwa mu majana. Ico cipfuzo yar'amaze no kugishikiriza abashingamateka.

Erdogan yari yagiye mur’ico gisagara guhoza imiryango y’abantu 54 bishwe mu ndwi iheze bari k’ubugeni bw’Abakurdes, ni mugihe kandi mur’ico gihugu haheze ukwezi haburijwemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu, Amnesty International ryari ryasavye Perezida Erdogan guhagarika ico cipfuzo kuva m’umwaka 2004, ari naho yatanguye kugishikiriza.

XS
SM
MD
LG