Uko wahagera

Angela Merkel: Abayisilamu Ntibakwiye Gukumirwa m'Ubulayi


Angela Merkel, Shanseliye w'Ubudagi
Angela Merkel, Shanseliye w'Ubudagi

Shanseliye Angela Merkel w’Ubudagi asaba ibihugu vya Bulayi kutugara imiryango ku mpunzi ngo n’uko ar’ Abayisilamu.

Ivyo yabishikirije kuri Televiziyo ARD yo m’Ubudagi k’umusi wa mungu. Abategetsi b’Ubudagi bamenyesha ko bategekanya guha ubuhungiro impunzi n’abimukira bashika ibihumbi 300 mu kiringo c’uyu mwaka w’2016.

Benshi muri bo baje bava muri Afghanistani, Iraki na Siriya, aho bavuye bahunga intambara hamwe n’iterabwoba rigirwa na bamwe mu Bayisilamu.

Ibihugu bitari bike bigize umuryango w’ibihugu vya Bulayi cane cane ibitumbereye mu gice c’ubuseruko, vyaranse kwakira impunzi n’abimukira bava mu burasirazuba bwo hagati hamwe n’abava mu bihugu vya Aziya yo hagati.

Umushikiranganji wa mbere wa Cekoslovakiya, Bohuslav Sobotka yatangaje mundwi iheze ko igihugu ciwe kititeze kwakira igitigiri kinini c’Abayisilamu ku kuvuga ko babona ingorane bariko baratera mu bindi bihugu.

XS
SM
MD
LG