Uko wahagera

Kolombiya: Intambara Yasezerewe Ubutagisubira


Umuhari wa FARC war’umaze imyaka 52 urwanya reta ya Kolombiya waraye utangaje ko uhagaritse intambara ejo kuwa mungu igihe c’isaha zitandatu z’ijoro mu masaha yo muri Kolombiya.

Umukuru w’uwo muhari azwi kw’izina rya Timoshenko yavuz’ati: "Abavyeyi ntibazongera guhamba abahungu n’abakobwa babo bahitanwe n’intambara”, ati “ugucanamwo n’urwanko turabisezereye”.

Perezida wa Kolombiya, Juan Manuel Santos nawe nyene yari yamaze gutangaza ko abasirikare biwe ata rusasu bazosubira gutumbereze kubarwanya reta kuva kur’uyu wa mbere.

M’ukwezi kwa gatandatu niho izo mpande uko ari zibiri zasinya amasezeranyo y’amahoro I Havana muri Cuba, amasezerano arangiza intambara yar’imaze imyaka 52 hagati y’abenegihugu.

Iyo ntambara ihagaze yar’imaze guhitana abantu barenga ibihumbi 220, abarenga imiliyoni zitanu nabo barateshwa ingo zabo.

XS
SM
MD
LG