Uko wahagera

Gabon: Ping na Bongo Bemeza ko Batsinze Amatora


Abashigikiye Perezida wa Gabon Ali Bongo hamwe n’abashigikiye umukeba wiwe, Jean Ping, bose ku mpande zose bemeza ko batsinze amatora.

Mugihe ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye mur’ayo matora yo k’umusi wa gatandatu bizoshikirizwa k’umusi wa kabiri, Jean Ping, w’imyaka 73 y’amavuko kuw’Imana yatangaje ko muri rusangi ibiharuro vyerekana ko ariwe yatsinze.

Umuvugizi wa Perezida Ali Bongo we yamenyesheje ko umukuru w’igihugu agiye gutwara ikindi kiringo kigira kabiri, nawe Bongo ubwiwe yatangaje ko arindiranye igishika ibizova mur’ayo matora.

Mugihe Jean Ping yotahukana intsinzi, intwaro y’umuryango wa Bongo imaze imyaka 50 yoba isezerewe. Mwomenya ko Ali Bongo yagiye k’ubutegetsi asubiriye se wiwe Omar Bongo yapfuye m’umwaka w’2009 inyuma y’imyaka 41 yar’amaze k’ubutegetsi.

Izo mpande zose uko ari zibiri zagirizanya hagati yazo kwiba amatora.

XS
SM
MD
LG