Uko wahagera

RDC: Abakenyezi Babiri Barishwe Baturiwe I Butembo


Umusivile Yafashwe yariko yigaragamvya anegura ko Reta yananiwe guhagarika ubwicanyi hagati y'amoko mu gisagara ca Butembo.
Umusivile Yafashwe yariko yigaragamvya anegura ko Reta yananiwe guhagarika ubwicanyi hagati y'amoko mu gisagara ca Butembo.

Muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo abakenyezi babiri bari mu modoka yunguruza abantu barayikuwemwo baraturirwa babona n’isinzi ry’abantu mu gisagara ca Butembo, m’ubuseruko bw’ico gihugu k’umusi wa gatatu.

Abandi bari mur’iyo modoka bakijijwe n’uko baciye banyaga amagara bariruka. Abo bakenyezi babiri bari bafise imyaka irenga 50, bazize urwanko hagati w’ubwoko bw’Abanande hamwe n’Abahutu bo mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Abar’aho igihe vyaba bavuga ko igipolisi cagerageje guhagarika ubwo bwicanyi ariko vyagitaye kuw’amazi kuko abanyagihugu banse kucumviriza.

Bamwe mu babibonye begeka ubwo bwicanyi kubanyepolitike ko aribo ntandaro y’uko gutana mu mitwe kw’abanyagihugu mur’iyo ntara yo mu buraruko bwa Kongo.

Icegera ca buramatari w’iyo ntara, Feller Lutahichirwa yari yagiye aho I Butembo, yabwiye iradiyo ikorera mur’ako karere ko ubwicanyi hagati y’ayo moko bumaze guhitana abantu batandatu mur’ico gisagara, abandi batari bake barakomereka.

Yavuze ko ubwo bwicanyi buva ku makuru y’ibinyoma akwiragizwa avuga ko abanyagihugu bimukira ngaho bavuye m’ubumanuko bw’iyo ntara bakorana n’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba ADF urwanya reta y’Ubuganda.

Abantu 57 baramaze guhagarikwa kumvo z’amatohoza kur’ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG