Uko wahagera

Zimbabwe: Igipolisi Cahanganye n'Abari mu Myiyerekano


Abashigikiye abatavuga rumwe na Reta muri Zimbabwe bariko baturira bariyere, igihe bariko bahangana n'igipolisi, ku murwa mukuru, Harareb, ku musi wa gatanu, italiki 26, umwaka w'i 2016.
Abashigikiye abatavuga rumwe na Reta muri Zimbabwe bariko baturira bariyere, igihe bariko bahangana n'igipolisi, ku murwa mukuru, Harareb, ku musi wa gatanu, italiki 26, umwaka w'i 2016.

Igipolisi c’igihugu ca Zimbabwe carashe imyuka ibabaza mu maso, n’imiringoti y’amazi, mu gikorwa c’ugushwiragiza abatavuga rumwe na Reta, bari mu myiyerekano, ku murwa mukuru, Harare. Ivyo nho sentare yari yatanze itegeko ry’ukudakoma abari mu myiyerekano.

Iyo ngingo y’igipolisi yatumye haba ugutana mu mitwe n’abari mu myiyerekano bateye amabuye abapolisi, baturira ibigata vy’imodoka, bongera baturira ibibanza abantu badandarizamwo ibintun mw’isoko ku murwa mukuru.

Ukwo guhangana kwatanguyen ku musi wa mbere, igihe igipolisi cigarurira ikibanza abatavuga rumwe na Retan bari bateguye kugiriramwo imyiyerekano. Igipolisi cabasavye kuhavan igihe bariko bahashika kugira bagire imyiyerekano. Igihe bamwe muribo banka gukwirikiza amategeko y’igpolisi, igipolisi caciye gitangura kurasa imyuka ibabaza mu mason n’imiringoti y’amazi.

Morgan Tsvangirai, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, ayoboye umugambwen Movement for Democratic Changen na Joice Mujuru, yahoze ari icegera ca perezidan barayoboye imyiyerekano. N’ib intu biba gake mu gihugu aho abatavuga rumwe na Reta biciyemwo ibicen ku buryo badashobora gufata ingingo iyariro yose bari hamwe.

Tsvangirain yatangaje kw’ishavu ry’abanyagihugu rikomeye. Atangaza kw’ingingo ya Reta y’ugukandamiza abanyagihugu itazobabuza gukoresha uburengenzira bwabo.

XS
SM
MD
LG