Uko wahagera

Turikiya: Abantu 11 Bishwe mu Gitero Kuri Bariyere y'Igipolisi


Umwotsi uriko uraduga mu kibanza cabereyemwo igitero kuri bariyere y'ahitwa Cizre, mu bumanuko bushira ubuseruko bwaTurikiya, kw'italiki 26 z'ukwezi kw'umnani, umwaka w'i 2016.
Umwotsi uriko uraduga mu kibanza cabereyemwo igitero kuri bariyere y'ahitwa Cizre, mu bumanuko bushira ubuseruko bwaTurikiya, kw'italiki 26 z'ukwezi kw'umnani, umwaka w'i 2016.

Umwiyahuzi w’Umukurde yari afise bombe yagize igitero kuri bariyere, hafi y’ibiro vy’igipolisi ahitwa Cizre, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Turikiya, uno musi ku wa gatanu.

Yahitanye abapolisi cumi n’umwe, abandi batari bake barakomereka.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turikiya.

Abarwanyi bakorana n’umkurwi waziririjwe, Kurdistan Workers’Party, mu mpfunyapfunyo, PKK, biyitiriye ico gitero.

Umurwi PKK, abategetsi ba Turikiya babonako ari umurwi w’iterabwoba bavuga ko wagize uruhara mu bitero bitari bike, mu bibanza vy’igipolisi mu karere ka Cizre.

Abategetsi b’igihugu ca Turikiya biyemeje kwishura kuri ico gitero.

Bamenyesha kw’abagize ico gitero bazoronka inyishu bakwiriye. Batangaza ko ata bmurwi numwe w’iterabwoba ushobora kugira imbohe igihugu ca Turikiya.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji wa mbere, Binali Yildrim, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Istambul.

Igisacara ca Cizre, kiri mu ntara ya Sirnak, iri ku rubibe n’ibihugu vya Siriya na Iraki. Ico gisagara kibamwo ahanini n’Abakurde.

Umurwi PKK, watanguye umugumuko mu mwaka w’i 1984. Uwo murwi urondera gushiraho intara yigenga, mu gice co mu bumanuko bushira ubuseruko, kiri ku rubinhe n’ibihugu vya Siriya, Iraki na Irani. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe mu ngwano kuva ico gihe.

XS
SM
MD
LG