Uko wahagera

Siriya: John Kerry Yahuye na Sergei Lavrov i Geneve


JUmushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov
JUmushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyasubiye kubandanya utwigoro tw’ukuganira inyishu iciye mu mahoro igenewe guhagarika ingwano mu gihugu ca Siriya.

Ivyo bibaye inyuma yuko inteko z’igihugu ca Turikiya, zirwanira ku butaka, zinjiye muri Siriya.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, bariko babonanira i Geneve, mu Buswise.

Bariko bagerageza kwumvikana ku vyerekeye gukorana, mu vyerekeye igisirikare n’uguhana amakuru, mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya Kiyislamu muri Siriya. Ikintu izo mpande zose zishaka gushikako.

Muri ico gihe, abarwanya ubutegetsi muri Siriya, n’imiryango yabo, batanguye kuva mu gice ca Daraya, kiri ku nkengera z’umurwa mukuru, Damas. Ivyo biri mu masezerano yashitsweko na Reta, ku muhingamo w’umusi wa kane.

Hisunzwe ayo masezerano, abarwanyi bagera ku majana indwi bazorekurirwa kuva mu ntara ya Idlib, mu buraruko bw’igihugu, iri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, abasivile ibihumbi bine nabo bazoba barajanywe, mu bibanza birimwo uburaro ,mu bumanuko bw’igice ca Daraya.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Staffan de Mistura, yasavye ko abasivile, bariko bavanwa mu gice ca Daraya, bakingirwa.

Amenyesha ko ukuva muri ico gice kwabo vyoba ku gushaka kwabo.

XS
SM
MD
LG