Uko wahagera

Ubutaliyano: Ibisigarira vy'iKinyamugigima Birandanya


Ibinyamugigima bikomeye vy’ibisigarira bibiri vyabaye mu gisagara ca Amatrice, mu gice co hagati mu gihugu c’Ubutaliyano.

Ivyo binyamugigima vyononye inyubakwa, bituma abantu batekerwa n’ubwoba.

Kuva ikinyamugigima gikomeye cane ca mbere kibaye, mu gitondo co ku musi wa gatatu, mu gisagara ca Amatrice, ibinyamugigima vy’ibisigarira birenga amajana atanu bimaze kwibonekeza muri ico gisagara, vyinshi murivo vyari bigereranye.

Muri ico gihe abategetsi bajejwe gukingira abasivile bavuga ko igitigiri c’abamaze kuhasiga ubuzima, kuva ku musi wa gatatu ari 267, benshi muribo mu bisagara vyageramiwe kurusha ibindi vya Amatrice, Arqueta na Accumoli. Abantu bagera ku majana ane baragiye mu bitaro kwivuza inyuma yuko bakomeretse.

Mu bapfuye, cumi na babiri bari abanyamahanga bari bagendeye Ubutaliyano.

Abategetsi bavugako vyitezweko bemeza abandi bantu bahitanywe n’ikinyamugigima co ku musi wa gatatu, mu gihe igikorwa c’ukurondera aboba barokotse kibandanya.

XS
SM
MD
LG