Uko wahagera

Uganda: Kizza Besigye mu Rugendo mu Bwongereza


Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda
Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda

Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda, ariko asaba Abanyayuganda bari hanze y’igihugu kubandanya baharanira demokarasi muri Uganda.

Abasaba kuvugana n’amareta y’ibihugu babamwo, gusaba ayo mareta kubafasha mu rugamba rwabo, mu gihugu cabo c’amavuko, n’ugukorana n’abari mu rugamba rw’uguharanira demokarasi bari mu gihugu.

Ivyo Besigye, yabitangarije Ijwi rya Amerika, kw’itelefone, mu rugendo arimwo mu gihugu c’Ubwongereza, aho azobonana n’abanyayuganda baba mu mahanga.

Mu mpera z’uku kwezi azoja muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Besigye yarekuwe atanze ingwati mu kwezi kw’indwi, inyuma yuko apfunzwe icamaso, mu kiringo c’amezi atari make, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa kabiri.

Ayo matora Besigye, avuga ko yaranzwe n’ibintu bitari bike bitagenze neza, yatumye perezida, Yoweri Museveni, atsindira ikiringo kigira gatanu c’ukuyobora Uganda.

Reta ya Uganda, yagumye yagiriza Besigye, n’abatavuga rumwe na Reta ko bariko bagerageza guhungabanya igihugu. Ivyagirizo Besigye ahakana.

Besigye, avugako urugamba rwabo ari urugamba rudakoresha inguvu.

XS
SM
MD
LG