Uko wahagera

Ubutaliyano: Ikinyamugigima c'Igisigarira mu gisagara ca Amatrice


Ikinyamugigima cononye inyubakwa gituma abantu batekerwa n’ubwoba
Ikinyamugigima cononye inyubakwa gituma abantu batekerwa n’ubwoba

Mu gihe Ubutaliyano bukiriko bugangana n’inkurikizi z’ikinyamugigima cihaye inkumbi ku musi wa gatatu, ikinyamugigima c’igisigarirac’inguvu zo ku rugero rwa bine n’ibice bitatu cabereye mu gisagara ca Amatrice, mu gice co hagati mu gihugu c’Ubutaliyano.

Ico kinyamugigima cononye inyubakwa gituma abantu batekerwa n’ubwoba.

Muri ico gihe, abategetsi bajejwe gukingira abasivile bantangaje kw’abahitanywe n’ikinyamugigima gikomeye co ku musi wa gatatu, ari 241, mu bisagara bitatu vyasinzikaye kurusha ibindi. Abantu amajana n’amajana barakomeretse, bakaba baravuwe.

Abategetsi batangaza ko vyitezweko bemeza abandi bantu bahitanywe n’ikinyamugigima co ku musi wa gatatu. Ivyo mu gihe igikorwa c’ukurondera aboba barokotse kibandanya.

Gushika ubu abantu 215 baramaze gukurwa mu bisigarira vy’inyubakwa zasambutse ari bazima.

Imirwi y’abajejwe gutabara babandanya kurondera mu mazu yasenyutse, abandi bantu boba bararokotse ikinyamugigima co ku musi wa gatatu.

Amasengero atari make n’izindi nyubakwa za kera vyarononekaye, canke birasenyuka muri ico kinyamugigima.

XS
SM
MD
LG