Uko wahagera

ONU Irega Uburundi Guhakana Jenoside yo mu Rwanda

Kaliforniya - Elsinyor gölü sahilində

Kaliforniya - Elsinyor gölü sahilində

Umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ku vyerekeye gufata ingingo zotuma ihonyabwoko ritaba, Adama Dieng, yarerekanye impungenge ku majambo yise ko aturira y’abategetsi mu Burundi ashobora kuba ugukokeza ubwicanyi, harimwo amajambo numutegetsi akomeye w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, Pascal Nyabenda aherutse gutangaza.

Dieng avuga ko mw’itangazo ryo kw’italiki cumi na zitandatu z’ukwezi kw’umunani, umwaka w’i 2016 ryasohotse ku kibanza ngurukanabumenyi c’umugambwe CNDD-FDD, Pascal Nyabenda ico gihe yari ayoboye uwo mugambwe, akongera akaba yari umukuru w’inama nshingamateka, yatangaje kw’ihonyabwoko mu Rwanda ryari irementanya ry’amakungu, ryakoreshejwe kugira rikure Reta y’Abahutu yari ihari mu Rwanda ico gihe.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe O-N-U ku bijanye n’ugufata ingingo zotuma ihoyabwoko ritaba, Adama Dieng, avuga ko ivyatangajwe na Nyabenda bishobora kubonwa nk’uguhakana ihonyabwoko, kandi ko bishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko, haba mu Burundi canke hanze y’imbibe z’igihugu.

Mw'itangazo ryiwe, Dieng avuga ko Uburundi bubandanya kurangwa n’umutekano muke n’amakuru y’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu, harimwo ivyagirizo vyerekeye ubwicanyi ndengerabutungane, ukuzimangana kw’abantu, gufata abantu bunyamaswa gupfunga abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na Reta, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abantu bose bikekwa ko barwanya Reta, mu buryo butubahirije amategeko.

Adama Dieng yarerekanye impungenge ku vyerekeye ishami ry’imikangara ry’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, bazwi kw’izina ry’Imbonerakure, mu kuvugako babandanya kugira uruhara mw’ityozwa ry’agateka ka muntu, kandi ko bagabisha gukora ubwicanyi bufatiye ku bwoko.

Dieng yibukije Reta y’Uburundi ko itegerezwa gukingira abanyagihugu bayo, umuntu ataravye ubwoko bwabo canke imigambwe barimwo, hamwe n’ukwirinda ingingo izarizo zose canke ingendo iyariyo yose ishobora gutuma haba umwuka mubi hagati y’ubwoko butandukanye.

XS
SM
MD
LG